Urunani Kira-Burundi ruvuga ko CENI yasesaguye imiriyaridi 2 n’imiriyoni 500 mu gukora amakarata mashasha y’itora

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 Rusama 2020, Baricako Royizi arongoye urunani Kira-Burundi  yagirije umurwi CENI ko wasesaguye imiriyaridi 2 n’imiriyoni 500 mu gikorwa co gukoresha ayandi makarata mashasha. Auvuga ayo makarata mashasha adatandukanye n’ayarahasanzwe.

Uwo arongoye urunani Kira-Burundi avuga ko ata mvo nimwe yari gutuma umurwi CENI ukoresha ayandi makarata. Nk’uko abandanya asigura ngo amakarata yahahora yarakwije ivya nkenerwa bikwiye. We abona ko gukoresha ayo yandi makarata n’agahembo k’abayatanze  ari uruhombo ku barundi bo baterereye ayo matora. Asaba uwo murwi gutanga umuco  ku mvo n’imvano y’ikoreshwa ry’ayo kuko ngo urwo runani rutewe amadidane n’ikoreshwa ry’ayo yandi makarata mashasha yatanzwe.

Mukwagiriza uwo murwi wigenga ujejwe gutunganya amatora, Baricako asigura ko urwo ruhombo rufatirwa ku gitigiri c’abarundi biyandikishije ngo bazotore mu matora yimirije. Abo nabo bakaba barenga imiriyoni zitanu. Nk’uko abishikiriza, mu gihe ikarata nshasha yoba yakoreshejwe Ku mafaranga 500 y’amarundi ngo ugwije n’igitigiri c’abazotora ko ari imiriyaridi zibiri zirenga z’amafaranga y’amarundi.

Baricako Royizi aranebagura kandi ko itangwa ry’ayo makarata ryagenze. Avuga ko ryagaragayemwo utunenge tutari duke. Avuga ko ayo makarata yatanzwe ata ntonde z’abiyandikishije zamanitswe. Ashikiriza kandi ko hari n’abarondeye amakarata yabo barayabura kandi bari baranditswe.

Mu gihe hariko harirwa abazohagararira amatora ku mabiro y’amatora, urunani Kira-Burundi  rusaba umurwi CENI gukora ico gikorwa ku mugaragaro hatinsunzwe nkunzi canke mpigayanje.

Recommended For You

About the Author: Théogène Ndayisaba

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Covid-19

Mwirinde Corona

Actualités à la une